Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 uhejeje gusezererwa muri za nkino za CECAFA zo kurondera itike ya CAN -20 zariko zibera muri Sudani .
Uburundi bukaba bwatsinzwe na Sudani igitsindo 1-0 , ivyatumye uwo mugwi usezererwa .
Intamba mu rukino rwa mbere zatsinze Djibouti ibitsindo 5-0 , urukino rwa kabiri zinganya na Sudani y’epfo 0-0.
Sudani yaciye igira amanota 7 , Sudani y’epfo nayo ikagira amanota 5 , Uburundi bukagira amanota 4 , mu gihe Djibouti yarangije n’amanota 0 .
muri iryo tsinda ry’Uburundi imigwi izobandanya akaba ari Sundani na Sudani y’epfo .