BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Pr. Evariste Ndayishimiye yihanganishije aba Tanzania

President Evariste Ndayishimiye nawe yarihanganishije aba Tanzania Inyuma y’ isanganya ry’indege yahitanye abantu ryabaye ku musi w’ejo muri ico gihugu.

Umukuru w’igihugu akaba yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter agira ati :” Turababajwe n’isanganya ry’indege yo muri Tanzania Precision Air aho yariko iruruka ku kibuga c’indege ca bukoba. turahojeje Umukuru w’igihugu Samiah Suluhu n’igihugu cose. Uburundi burasengana namwe muri bino bihe ibikorwa vyo gutabara bikibandanya.”

Iryo sanganya nkuko amakuru ya nyuma ahari abishikiriza, abantu 19 muri 43 bari muri iyo ndege ngo bitavye Imana, ariko umwana umwe yari muri iyo ndege we akaba yarokotse.

Abakuwe muri iyo ndege bakaba batwawe mu bitaro biri muri ako gace Kari mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzania.

Evariste Ndayishimiye akaba yifatanije n’abandi bakuru b’ibihugu bahojeje aba Tanzania muri bino bihe bitoroshe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775