BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abakeneye imipira ya Alvin, yabahaye akaganuke

Abafana ba Alvin Smith babarizwa i Buruseli ngo bashobora gushikirizwa imipira bakoze commande ku buntu.

Mu gihe Alvin Smith yitezwe mu gihe ca vuba mu Bubirigi, uwo muririmvyi yahimirije abafana biwe kubandanya bagira commande y’imipira kuri Boutique basanzwe bakorana ariyo Tumuga Boutique.

Ukwo kubahimiriza kukaba kwajananye n’akaganuke, aho Alvin yababwiye ko ha kuriha amafaranga yo kubibarungikira nk’uko bisanzwe, ngo abari mu Bubirigi azogenda azijanye kugira bikunde azibahe ata mafaranga yo kurungika agiyeko.

Alvin Smith akaba abishikirije mu gihe haheruka kumenyekana ko hari igiteramo kiriko kirategurwa kizokwitabirwa na Alvin Smith co kimwe na Mow Kanzie, mu Bubirigi.

Ntiharamenyekana igihe ico giteramo kizobera co kimwe n’igiciro c’amafaranga yo kwinjira.

Ico giteramo kikaba kizoba kibaye igiteramo ca mbere uwo muririmvyi akoreye inyuma y’igihugu, na cane cane ku mugabane w’Uburayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775