BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Igicu FM ngo ni umuryango wugururiwe abaririmvyi b’abarundi muri Tanzania 

Umuzo w’insamirizi Igicu FM irongowe na Fanny Nyamuragwa azwi kuba umurongozi wa DFTV257, ngo ufitiye imigambi myinshi abaririmvyi.

Umwe muriyo yaganiriye bagenzi bacu, n’umuryango uzoba wuguruwe ku baririmvyi b’abarundi kugira babashe gukora ibiteramo mu gihugu ca Tanzania.

Nk’uko Fanny yabandanije abivuga mu kiganiro twagiranye, yavuze ko ivyo bizoshoboka kuko iyo Nsamirizi izokorera mu gisata c’imyidagaduro gusa, ariko kandi umufatanyabikorwa wiwe, akaba ari umwe mu bazobereye mu gutegura ibiteramo muri Tanzania, ariwe Joseph Kusaga, uyu akaba ariwe atwara Clouds FM imwe mu nsamirizi zikomeye muri Tanzania.

Dj Fanny akaba muri ico kiyago atashimye kuvuga ku migambi iyo Nsamirizi nshasha ifise, ariko we akaba avuga ko ari myiza cane.

Mwomenya ko Nyamuragwa asanzwe ari umukozi w’imboneshakure y’igihugu, RTNB, kandi ngo akaba atarota ahagarika gukorana nayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775