BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B ngo ashobora kutagaruka

Amakenga ni yose mu bakurikiranira Sat-B ko aramutse ahonyoje ikirenge ku mugabane wa Amerika atazosubira kandi kugaruka hano iwacu.

Mu misi iheze, Sat-b yavugishije abatari bake aho yavuga ko atakigiye muri Amerika mw’itangwa ry’ubushimwe bwa Afrima risanzwe ribera muri Amerika ya ruguru.

Mu nyuma uwo muririmvyi akaba yahavuye amenyesha ko ata kibazo c’uburyo kihari, kuko ngo n’ubwo cari kuba kihari, abamuzi bomushigikira ngo ntibaharurwa ku ntoke.

Ku musi w’ejo naho, uwo muririmvyi akaba yanditse ko afise ubwoba bw’uko ashobora kuzotakara muri Amerika nk’uko vyamubayeko mu myaka yahera mu gihugu ca Kenya.

Abafana bakaba bamusamiye hejuru, aho bamwe bamubwiye ko burya ivyo ariko arategura ngo babibona, bamwe bakaba banamukuriye inkoni ku gishitsi aho bavuga ko aramutse ahonyojeyo ikirenge atazogaruka hano iwacu.

Abandi bo bakaba bamubwiye ko ari ibisanzwe, noneho Amerika bayigereranya na zone ya Buyenzi.

Gushika ubu ntiharamenyekana nimba yaramaze kuronka VISA imuha uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu kibarizwamwo abarundi batari bake, ntiharamenyekana nimba uwo muririmvyi aramutse ashitseyo azohava ahakorera ibiteramo nk’uko abandi bahora babikora.

Mukibuka ko mu kiganiro yaheruka guha mugenzi wacu Alan The Real yari yamenyesheje ko ataramenya neza ko azohava agenda kuko ngo we ari mu rudandazwa, ugusohora amafaranga $12,000 atazi ko azoca ayinjiza ngo bikigoranye. Ico gihe akaba yasaba ko igihugu cotegekanya amafaranga afasha abaririmvyi nk’uko babikora mu bindi bisata bitwarirwa hamwe n’abaririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775