homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Uburundi bwungutse ibibanza bibiri muri FIFA

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba witwaye neza mu mupira w’amaguru na cane cane mu kuronka uburenganzira bwo kwitabira ubwa mbere inkino za nyuma za CAN 2019 zizobera mu Misiri , Uburundi bwungutse ibibanza bibiri ku rutonde rwama rutangwa na FIFA buri kwezi.

Mu kwezi kwa Ruhuhuma Uburundi bwari bwafashe ikibanza ca 138 muri kino gihe bukaba buri mu kibanza ca 136.

Ibindi bihungu biri muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko vyarose ibibanza bikurikikira : Tanzaniya iri mu kibanza ca 131, Kenya mu kibanza ca 108, Ubuganda mu kibanza ca 76 nayo Urwanda ruba mu kibanza ca 138.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871