Umugwi Musongati Fc ugiye kwakira umugwi Flambeau du Centre basanzwe basangiye intara mu rukino rw’indwi igira 12 rw’ihiganwa rya Primus League .
Iyo migwi ibiri yo mu ntara ya Gitega isanzwe idacana uwaka bivanye n’uko ariyo migwi ibiri isanzwe ifise abakunzi benshi muri iyo ntara .
Iyo Derby iza kuba ari Derby idasanzwe bivanye n’uko Flambeau du Centre nawo wipfuza kugerageza urabe y’uko wohindura amateka .
Mu nkino 10 iyo migwi ibiri imaze guhura , umugwi Musongati Fc niwo umaze gutsinda kenshi kuko umaze gutsinda 3 , unganya 5 , mugihe umugwi Flambeau du Centre nawo umaze gutsinda inkino 2 unganya 5.
Ni urukino ruza kubera mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa Potirike isaha icenda 15h00 ku kibuga Ingoma .
Musongati Fc niyo iri imbere ku rutonde rw’imfatakibanza muri Primus League aho uri mu kibanza ca 5 n’amanota 18 mu nkino 11 umaze gukina , mugihe Flambeau du Centre uri mu kibanza ca 7 n’amanota 16 n’inkino 5 zibirarane.