footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Musongati Fc ugiye kwakira Flambeau du Centre muri Derby y’i Gitega

Umugwi Musongati Fc ugiye kwakira umugwi Flambeau du Centre basanzwe basangiye intara mu rukino rw’indwi igira 12 rw’ihiganwa rya Primus League .

Iyo migwi ibiri yo mu ntara ya Gitega isanzwe idacana uwaka bivanye n’uko ariyo migwi ibiri isanzwe ifise abakunzi benshi muri iyo ntara .

Iyo Derby iza kuba ari Derby idasanzwe bivanye n’uko Flambeau du Centre nawo wipfuza kugerageza urabe y’uko wohindura amateka .

Mu nkino 10 iyo migwi ibiri imaze guhura , umugwi Musongati Fc niwo umaze gutsinda kenshi kuko umaze gutsinda 3 , unganya 5 , mugihe umugwi Flambeau du Centre nawo umaze gutsinda inkino 2 unganya 5.

Ni urukino ruza kubera mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa Potirike isaha icenda 15h00 ku kibuga Ingoma .

Musongati Fc niyo iri imbere ku rutonde rw’imfatakibanza muri Primus League aho uri mu kibanza ca 5 n’amanota 18 mu nkino 11 umaze gukina , mugihe Flambeau du Centre uri mu kibanza ca 7 n’amanota 16 n’inkino 5 zibirarane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314