kirundimusic

Sat-B kuva aho vyakabereye, izina turarimenye, rifitaniye isano n’irya Mkombozi

Isango Sat-B yari yatanze ko azorekurirako Album yiwe ryararenze ariko yaravuye mu gacerere arasigura impamvu.

Yavuze ko ingorane ari abahinyanyuzi badahurizako umwanya, ninayo mpamvu atanashimye kuvuga ni ryari azoyisohorera.

Twarabandanije turindiriye aca arasohora indirimbo 2 avugako ziri muri Album “Ishari na Mon amour”

Igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022 niho yadukuriye inkoni kugishitsi asohora cover isigura vyose bijanye na Album.

Album yitwa Hello Afrika izosohoka igenekerezo rya 25 Munyonyo 2022 izoba igizwe n’indirimbo 12. Kubwa Sat-B ngo iyo album yamutwaye inguvu nyinshi tutibagiye n’uburyo yayikoze imyaka 3 kugira bikunde ije ahabona.

Tubibutseko n’indimbo Utamu yakoranye na Belle nice yavuzeko nayo iri muri album bisigura ko dusigaje kwumva indirimbo 9 ziri muriyo Album.

Izina Afrika twari turizi kuri Ep ya Mkombozi aheruka kudutangariza vuba none na Album ya Sat-B ije nka Hello Afrika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 467