homepagekirundimusic

Kirikou ngo: “vyaranse ndaduga bikunze ndamanuka nca nurira indege”

Kirikou Akili twamumenye nk’umuririmvyi ariko imbere yuko tumumenya yari umwana wo mw’ibarabara nk’uko wenyene avyivugira.

Imana rero iguhaye ikwibagiza imibabaro ukicarana n’abakomeye,
ivyo vyarabaye kuri Kirikou kuko yaciye atorwa n’igihangange mu muziki Big fizzo.

N’ubwo atakibarizwa mu minwe ya Fizzo ariko niwe yatumye tumumenya cane, ubu abarizwa mu murwi wa Bilimani boys arikumwe na Double jay.

Ku bigenda biravurwa hirya n’ino ku mbuga ngurukanabumenyi kandi binaboneka, abo basore babiri ibikorwa vyabo bigeze ahashimishije.

Kubwa Kirikou ngo ubuzima bwaranse aca araduga none yamanutse aca afata indege.

Iyo ndege yayifashe yerekeza mu gihugu c’Urwanda mu gikorwa tubona ko camaze gufatirwa amasanamu, indirimbo izohuriramwo Double jay, Bruce Melodie, Kirikou amasanamu akaba yafashwe na John Elart mu gihugu c’Urwanda.

Ni umunezero udasanzwe kwa Kirikou ndetse na Double jay kuba barokoranye n’ico gihangange Bruce Melodie n’ubwo tutaramenya ni ryari iyo ndirimbo izosohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757