abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ukuri kuvya Saidi Ntibazonkiza kwerekeza muri Simba Sc

Umugwi Simba Sc wo mu cicaro ca mbere mu gihigu ca Tanzania uriko uraba ingene wogura Saidi Ntibazonkiza mu kwezi kwa kigarama kugira aze gusubirira Clatous Chama amaze imisi ari mu mvune .

Mu makuru twasomye ava mu  ikimenyeshamakuru co mu gihugu ca Tanzania Mwanaspoti ni uko uburongozi bw’umugwi Simba Sc bumaze kubona ko buguze Saidi Ntibazonkiza yoza kwongereza inguvu muri uwo mugwi naho bamwe bamwe babona y’uko uwo mukinyi imyaka yoba imujanye ariko benshi babona  ko yobafasha ibitari bike .

Saidi Ntibazonkiza ni umwe mu bakinyi bashobora gukinira kuruhande rw’imbere canke hagati mu kibuga bakavyitwaramwo neza .

Si irya mbere Simba Sc yipfuza Saidi Ntibazonkiza kuko no mu ntango z’ihiganwa uwo mugwi warondeye uwo mukinyi ariko munyuma bigaca vyanka bivanye n’uko uburongozi bwa Simba Sc bwose ntibwigeze bubihurizako .

Kuri Instagram ya Saidi Ntibazonkiza yashize ifoto iriko indege aca ayandikako ururimi rw’icongereza ati’’ Deal ✅ , ivyerekana y’uko igurwa ryiwe ryoba ryagenze neza , ariko gushika ubu ntakuri kuragaragara kuvyerekeye igurwa ryiwe .

Mwomenyako Saidi Ntibazonkiza muri kino gihe asanzwe akinira umugwi Geita Gold ukina mu cicaro ca mbere muri Tanzania , akaba ariwe yama awufasha mu kuwunjiriza ibitsindo canke gutanga imipira ivyara ibitsindo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321