homepagekirundimusic

Ntibihereye kuhakorera indirimbo gusa bagiye kuhakorera n’igiteramo

Double jay na Kirikou bagifata urugendo berekeza mu gihugu c’Urwanda batubwiye ko bagiye guheraheza indirimbo bakoranye na Bruce Melodie ariko ngo urubanza rumwe rurashobora kumara zibiri.

Abama badukurikira mu makuru yacu twandika twari twarababwiye urugendo rw’aba basore babiri bo muri Bilimani boys.

Bagishika mu Rwanda Double jay yaciye yerekeza i Dubai aho yari afise igiteramo igenekerezo rya 19 Munyonyo 2022.

Noneho azoca ava i Dubai yerekeza mu Rwanda gusangayo Kirikou babandanye igikorwa cabajanye
hakaba hari n’ikindi gikorwa twabonye ciyongeyeko, ico naco ni igiteramo tubonako abo basore babiri bonyene kuri Afiche.

Ico giteramo kizobera i Kigali kuri Venue Guilt Club igenekerezo rya 26 Munyonyo 2022 kwinjira akazoba ari ibihumbi cumi vy’amanyarwanda(10000Rwf).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757