homepagekirundimusic

Rachly Nish, isango yariduhaye tugiye kubona indirimbo yiwe nshasha

Rachly ni umuririmvyikazi akaba akina na film no muri volleyball ntavyorosha, ivyo vyose akaba abikora nk’akazi ariko ngo kuririmba ni vyo akunda cane ngo ntiyobiheba.

Nk’uko twari twabashikirije mu makuru yacu ducisha ngaha nyene  twarababwiye ko twagumye tubona ku mbuga ziwe ashirako amafoto aboneka ko yariko arakora video.

Ntibukeye kabiri Rachly Nish vyose yabishize ku mugaragaro, twaheruka indirimbo yiwe yitwa My love ari kumwe na Jadix.

Mukurangiza umwaka wa 2022 ngo twitege iyindi ndirimbo izoba izwi kw’izina rya Body izoba ifise amasanamu azoyishira ku mugaragaro igenekerezo rya 9 Kigarama 2022 kuri YouTube yiwe Rachy Nish.

Mu kubandanya turindiriye iryo sango tubandanye turyoherwa n’akaririmbo kiwe My Love.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757