BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun asigaye ahembwa ataririmvye

Emery sun ngo yoba yarahembwe amafaranga y’igiteramo Kandi ataririmvye, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Queen Of Buzz Ariwe Nelly Nat, aho yashikiriza ko habayemwo ubusuma mw’itegurwa n’urutonde rw’abahemberwa ico giteramo.

 

 

Nkuko amakuru ashikirizwa na Nelly yabivuga ngo Emery ntiyabashije kubonake muri ico giteramo, kuko batari bumvikanye n’uwariko atagura ico giteramo ku bijanye n’ivyo Emery sun asaba ngo abashe kuboneka muri ico giteramo.

Naho batari bumvikanye, amakuru Nelly yatanze avuga ko ngo uwarajejwe gutanga urutonde rw’abahembwa, yashizemwo Emery sun mu bahembwa, ariko Numero ya Compte yo gushirwako amafaranga ikaba atari iya Emery Sun.

Abaririmvyi bagenzi we bamaze kubona Urwo rutonde, ngo boba baciye barya urwara Emery Sun, nawe abona guhinduza Numero Compte yari yanditswe kuri urwo rupapuro. Haciye umwanya nk’uwo gukubita urugohe Compte ngo iba ikorokeyeko umuliyoni w’amafaranga ya hano iwacu.

Naho Emery yahembwe atakoze, ayo makuru Nelly atanga akaba avuga ko ngo yaciye atangura kuronderwa n’uwari kuyashira ku w’inyuma kw’izina rya Emery ngo asubize udufaranga twa bandi.

Iyi nkuru tukaba tuzobandanya tuyigarukako mu makuru yacu yo hanyuma, ariko ico twabashije kumenya co nuko Emery yemeza ko ivyashikirijwe na Nelly ari ukuri, vyabaye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775