BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Miss Lauria mu mvutano n’igiseke muri Miss Earth

Miss Earth irabandanya ukuri kwamya, ibirori vy’iryo higanwa risigaje imisi iharurwa ku ntoke ngo rihere biheruka bikaba vyabaye kuri uyu a gatatu.

 

Muri ivyo birori wa mwigeme yaserukira Uburundi, Miss Claudie Lauria Nishimwe, akaba yabonetse ariko yerekana ingabire afise yo gutamba. Akaba yatamvye yambaye umwambaro w’imvutano n’igiseke ku mutwe.

Uwo mwigeme bikaba biboneka ko yoba yarahinduye umukenyuro mu buryo yerekana ubwiza bwiwe inyuma yaho havugiwe amajambo menshi kubera Ubushikiranganji bw’Urwaruka bumaze kwerekana aho buhagaze kuri wa mwambaro wa Bikini.

Mu mafoto yasubiye kuboneka inyuma y’induru yavugiye kuri Internet ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, uwo mwigeme yabonetse yambaye uwo mwambaro utandukanye gato n’uko abandi bari bambaye, aho hejuru barengejeko agatambara gafuka igice kitari gito guhera ku nda.

Amakuru dufise akaba ari uko uwo mwigeme yoba yaciye mu minwe ya Peniel Nation kugira abashe gushika muri Miss Earth, ihiganwa rigize 3 ahiganyemwo uno mwaka.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775