BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo atumye inyota y’abafana igwira

Nk’uko abarundi bayamaze ngo uteye ikinonko mu mwiza, ikiboroze nico kiba gihamijwe, na Big Fizzo nawe yateye ikinonko mu mwiza, none abafana birakomeye ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi amaze igihe adashira ahabona igikorwa na kimwe, yasangije abafana biwe amashusho biboneka ko ashobora kuba yari ariko afata amasanamu y’indirimbo, noneho ayaherekezesha ijambo ngo ” NDABIZI”.

Mu masaha 17 gusa bishizwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook, abarenga 7000 bari bamaze kuyikunda. Si ico gusa kuko abarenga gato 600 babashije kugira ico bazivuzeko izo shusho yashize ahabona.

Muri izo Commentaires hakaba habonetsemwo impari, aho abatari bake bavuga ko uwo muririmvyi agiye kubaha indirimbo nshasha. Ico kikaba gica cerekana uburyo abo bafana b’uwo muririmvyi bari bamunyotewe n’aho atabuze kwumvikana mu zindi ndirimbo n’abandi baririmvyi.

Muri izo Commentaires nyene habonetse n’abamenyeshamakuru nka Landry Promoter bemeza ko iyo ndirimbo igiye gusohoka ari Hit song. Na Ami Pro nawe yabashije kugira ico ashikirije aho yanditse ijambo ryasangijwe na Mugani ati ” NDABIZI.

Muri abo nyene hakaba harimwo n’abumvikanishije ko uwo muririmvyi yoba ariko arategurirwa igiteramo muri Afrika y’epfo, naho ata vyinshi yabashije guherekezesha ayo majambo, uwo muntu yabonetse avuga ko.uwo muririmvyi bamukeneye vuba muri ico gihugu.

Uwo muririmvyi akaba ashize ahabona ayo mashusho inyuma y’imisi mikeya cane tubashikirije amakuru yavugwa kuri uwo muririmvyi nyene. Ico gihe yari yasangije abamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp mu gice ca Status ko yumva hageze ko ashira ahabona igikorwa gishasha.

Tukaba duheruka kubamenyesha ko indirimbo ya nyuma y’uwo muririmvyi Big Fizzo, ari indirimbo Hangama yasohotse haraheze amezi arenga gato 10. Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 88,000 kuri urwo rubuga rwa YouTube rwa Big Fizzo.

Iyo ndirimbo ikaba ishobora kuzoba iyituma uwo muririmvyi akwiza abamukurikirana ku rubuga rwa YouTube barenga 100,000 kuko ubu asigaje 1700 ngo abakwize, icari kigize imisi cipfuzwa cane n’umwe mu bakurikiranira hafi ibikorwa vyiwe ariwe Yassin, gushika yaho abikorera Campaign yamaze igihe kitari gito.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775