BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B ngo yabeshe kuva kera, ntawovyizera

Ibiheruka gushikirizwa na Sat-B ko buca yerekeza ku mugabane w’Uburayi bitanguye kutemerwa hakiri kare.

Hampande y’ababivugiye ku rubuga rwiwe aho bamubwiye ko ubwo bushobozi bwo kuzunguruka uburayi atabwo afise, kuko n’ubwo gushika muri Amerika yabubuze, hari n’ababifatiye umwanya, banatangira ico twokwita ibimenyetso amakenga bafise.

Umwe mu barabira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu ariwe Nelly Nat, yavuze ko ku bwiwe ivy’ivyo biteramo azovyemera yiboneye nka wa mugabo wo muri Bibiliya yitwa Thomas.

Imvo uwo mwigeme ashira imbere n’uko uwo mugwi utwarwa na Sat-b ngo wamaze gufata ingendo yo gukinisha ubwenge bw’abantu. Akaba avuga ko we azemera ivy’ivyo biteramo aruko abonye VISA SCHENGEN muri Passport kwa Sat-b.

Si ico gusa, uwo mwigeme akaba avuga ko hampande ya VISA, ngo atarabona neza affiche zerekana neza neza amatariki y’ivyo biteramo, ngo ntashobora gupfa yemeye ivyiwe.

Nelly yashigikiwe n’abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram yabashije gushirako ayo makenga yiwe. Umwe muribo yabonetse kw’izina rya King yavuze ko nawe atemera ivya Sat-b ngo kuko amaze kubesha akatari gake, gutyo icizere kikaba cabaheranye.

N’aho biri uko uwo mu King akaba yashikirije ko ukwerekana ko ariko ategura igiteramo co mu mwaka uza ngo ata kosa ririmwo, kuko n’abanya Nigeria nabo bariko bategura ivyo bazokora mu mwaka uza.

Ivyo bakaba babishikirije inyuma y’aho uwo muririmvyi ashiriye ahabona Cover y’ibiteramo ategura gukorera ku mugabane wa Burayi, aho ategura kuzokorera mu bihugu nk’Ubufaransa, Norway, Sweden, Denmark na Belgium.

Nk’uko twari twabibashikirije mu makuru yacu yo ku musi wa kabiri, uwo muririmvyi ariko ategurirwa ivyo biteramo na zose All media House, inzu ifiswe mu minwe na Bacumi Jackson azwi cane nka Dijay Jackson. Uyo niwe Manager wa Bukiv Label inzu imaze gucamwo abaririmvyi batari bake barimwo Sat-b, Masterland n’abandi bamaze gukorana nayo, uno musi ikaba iriko ikorana na Esther Nish.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775