BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ir Perry Saxe Gateka ngo yitezweko amahinguriro

Ku ma genekerezo ya 13, 14 na 15 kigarama, i Washington DC, Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden azoba aramutse yakirana inama ihuza ico gihugu c’igihangange n’abaserukiye ama Leta akomoka muri Africa, ico bita mu congereza Us – Africa Leaders Summit.

Natwe Umukuru w’igihugu azitabira ubwo butumire. H.E Evariste Ndayishimiye akaba atazogenda wenyene, kuko hamaze kumenyekana ko abagwizatunga bashika kuri 41 bazomuherekeza muri urwo rugendo.

Umwe muribo twashimye kugarurako uno musi ni Dr. Ir. Peris Saxe Gateka. Uyu akaba Ari muri bamwe 41 bazoherekeza Umukuru w’igihugu, akaba ashobora kuba Ari nawe muto mu myaka muri abo bagwizatunga Bose.

Ku musi wa 4 ku rubuga Facebook rwa Humuriza Tv International, Aho bamenyesha ko azoherekeza Umukuru w’igihugu, herekanwe ivyo amaze gushikako birimwo gushinga insamirizi Humuriza FM Hari muri 2013, ashinga Humuriza Tv International muri 2017, ashinga Jerusalem business Center muri 2020, noneho Business ya nyuma yashinze akaba Ari urubuga hwaniro GASAPE Sn.

Hampande yaho bamenyesha ko muvyo abo bagwizatunga basabwe harimwo kwerekana ico bazoheza bagakora, Ir Peris we yamenyesheje ko ngo ku musi w’Imana mu masaha y’umugoroba,ariho azomenyesha ikizoba kimujanye muri ico gihugu.

Umumenyeshamakuru yanditse iyo nkuru yahavuye aca asaba abakurikirana urwo rubuga Barenga 255,000 ngo bavuge ico biteze kuri uwo mutware atoroshe.

Muvyashikirijwe, abatari bake babanje gushima ivyo amaze gukora, Aho bavuze ko uwo mutware amaze guha akazi abashomeri batari bake, Kandi ngo bamwizeye ko azogarukana ibintu vyiza gusa.

Ntibagarukiye ngaho, kuko bamusavye ahubwo ko niyagaruka yoraba akugurura ihinguriro kugira abashe guha akazi abashomeri. Bamwe bakaba banamucaguje igisata yoshingamwo iryo hinguriro co kimwe n’intara yorishingamwo.

Abo bafana bakaba bamucaguje gushinga ihinguriro ry’ivyuma, akarishira mu ntara ya Gitega. Iyo ntara ikaba ariyo ntara avukamwo, Kandi amaze gushingamwo Ayatari make muri ya mashirahamwe amaze gutanguza.

Ingenieur ntiyabashije kuboneka ngo agire ico asubiza abafana biwe bariko bagira ico bashikiriza. Ariko bikaba bishoboka ko ubwo butumwa bwo yamaze kububona.

Urwo rugendo rushitse mu gihe urubuga hwaniro yashinze Gasape Sn ruheruka gusubizwa ku rubuga rwa Google Playstore, ahasanzwe Hari Isoko ry’ama Application atandukanye. Application y’urwo rubuga ikaba yari yakuwe kuri Playstore kubera urubanza rwahuza Gasape na Facebook rutari bwahere.

Mu majambo yagiye arashikiriza uwo mutware, muri ivyo bihe bari mu bihano, akaba yagiye arerekana uburyo urwo rubuga rutwarwa na Mark zukerberg afise amamuko muri Amerika ruriko rukoresha igihagararo rufise mu gucinyiza izindi mbuga zije kubatera kw’isoko ry’imbugahwaniro.

S’ico gusa kuko mu gihe imbuga zegukira uwo mugabo w’umunyamerika nka WhatsApp na Facebook zagira ibibazo, yabandanije nkuko yamye yibutsa abarundi ko bakwiye guhurumbira urwo rubuga rwubatswe n’umurundi mwenewabo, abandi bakica amatwi.

Ubu urwo rubuga rukaba ruharurwako abantu Barenga 13,000,000 barukoresha, nayo abarundi bakaba bashika 700,000 nkuko ibiharuro yahaye ikinyamakuru Region Week bivyerekana.

Muri ino misi urwo rubuga ngo rwijukiwe n’abarundi batari bake, inyuma yaho baboneye Umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye nawe yuguruye Compte kuri Gasape Sn, akongera akanahimiriza abarundi ngo baje kurukoresha. Ariko Kandi akaba yari yasavye ko amashirahamwe akorera mu gisata c’ugutumatumanaho amakuru bokwegera uwo mugabo ngo bamushigikira, ariko amakuru yahaye Region Week nuko atawuramutumbera.

Ubu rero hakaba harindiranywe igishika ikizoshikirizwa na Ir. Peris Saxe Gateka kuri uyu wa mungu, ariko Kandi hakanibazwa nimba Ikibazo c’igikenye urwo rubuga rwa Facebook rwakoresheje rukanigira mu menshi uwo mwana akivuka kizohava kivugwa muri iyo nama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775