BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Ira ngo aba star i Kigali bomwigirako vyinshi

Dj Ira wa murundikazi akorera akazi ko kuvanga umuziki I Kigali mu Rwanda, avugishije benshi ku rubuga rwa Instagram, kubera ivyo aheruka gukoreshwa n’abitabiriye kimwe mu bikorwa yarimwo.

 

Dj Ira n’umwe mu ba Dj bakunzwe i Kigali, ariko Kandi n’umwe mu bigeme badakunze kwiyerekana cane ko ashoboye canke akunzwe, nkuko bikunze kuboneka mu ba Dj batari bake i Kigali.

Urubuga rwa Instagram rwa Kavuzi akomeye mu Rwanda, azwi cane nka The Cat babalao, rwashizweko amashusho y’uwo mwigeme ariko arasabwa  ama autograph n’abari bitabiriye ihiganwa ry’ubumwe rya rimwe mu mahiganwa ategurwa na kimwe mu bigo bikomeye muri ico gihugu.

Nkuko bisanzwe uwo mwigeme akaba ariwe yari umu Dj uwo musi, akaba nkuko asanzwe abikora mu bikorwa biba bisa n’ivyiyubashe, biba vyitabiriwe n’abakomeye, akaba atari yambaye ikanzu.

The Cat Babalao akaba yavuze ko uwo mwigeme ariwe mu Dj atekereje kuko ata bikavyo akoresha, Kandi akaba n’incabwenge muri uwo mwuga. Kubw’ukwicisha bugufi kwiwe, ngo bikaba bituma yerekwa urukundo birenze.

Dj Ira akaba yashizeko utu Emoji tw’ugushima, noneho aba Dj n’abamenyeshamakuru bakomeye b’abanyarwanda bamutera amashurwe.

Dj Briane aheruka gutwara igikombe, Dj Anitha Pendo bakoranye kuri RBA mu biganiro bitandukanye nka The Jam, Kalisa John umumenyeshakuru wa Kigali Hit nabo bagarutse kuri iryo teka uwo mwigeme yatewe.

Abakurikirana urwo rubuga bavuze ko Dj Ira akwiye kuba icitegererezo mu ba Star muri ico gihugu, kuko ngo ukwitonda n’uguca bugufi yerekana ngo birateye ubwoba.

Dj Ira akaba yipfurijwe n’umufana umwe mu baheruka kumubaza ibibazo kuri Instagram, ko yoraba akaba umuryarwandakazi, ivyo yahakanye ngo ntarinda kubiraba kuko azi neza ko atomuba.

Ku batabizi Dj Ira akaba akomoka mu ntara ya Gitega,  inyuma y’ugusozera amashure akaba yerekeje mu gihugu c’Urwanda, aho yahavuye aronka akaryo ko kwiga uwo mwuga yigishijwe na Dj Bissosso yaramaze kwubaka izina muri ico gihugu. Uyu nawe nyene akaba asanzwe akomoka muri iyo ntara akaba yaranahashinze inzu z’ubutambiro zakunzwe cane.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775