Burundihomepagekirundi

Umwana ateje uruhagarara kuri Twitter

Impari ni zose ku rubuga rwa Twitter kubera inyifato yabonetse ku mwana aheruka gufotorwa aramutsa umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, aho bari muri rugendo kuri leta zunze ubumwe za Amerika.

 

Usomye icashatse gushikirizwa n’umwanditsi, abavyeyi bw’uwo mwana bagirizwa kuba bateretse uwo mwana uburyo bwiza bwo kwifata imbere y’umwubahwa.

Naho uwo mwanditsi we yavuze abavyeyi, abamusubije ko bagarutse ku mwana, aho bavuga ko uwo mwana arenganywa kuko ashobora kuba atazi uko bitwara imbere y’umwubahwa nk’uwo.

Abandi nabo bakavuga ko ivy’ukuramukanya n’amaboko abiri ngo bikorwa ari ivya hano iwacu muri Afrika, mu gihe we aboneka cane ko atavukiye hano iwacu.

Uwo mwana Kandi yashigikiwe bavuga ko mu ndero iboneka ku bakuru, iyo uramutsa umwana, ngo niwe uca bugufi kugira ubashe kuganira nawe, kuko we adashobora kugushikira.

Iyo foto yabandanije ivugisha benshi, aho abandi nabo nyene bavuze ku gicapo kiboneka mu mutwe h’uwo mwana, Aho bavuga ko ari ikimenyetso coroshe cane cerekana ko uwo mwana abamuronderako indero ndundi Ari ikibazo.

Uwo mwana ariko Kandi ngo ashobora kuba aterekanye kwubaha uwo mwubahwa mu buryo benshi tuzi, ariko ngo uravye ukuboko kwiwe kundi uburyo kugororotse, ngo Biraboneka ko harimwo ikimenyetso co kwubaha.

Amakenga ntiyagarukiye ngaho gusa, kuko hari n’abibajije ko uwo mwana ashobora kuba atari n’umurundi. Ukutaba ari umurundi ho bikaba ngo arivyo vyoba bibi gusumba, kuko Koba ari agasuzuguro kadasanzwe, kuko batoba bamwigishije imico b’imigenzo y’igihugu cacu kugira aje kuramutsa uwo mwubahwa mu cubahiro ciwe.

 

Impari ntizagarukiye ngaho, kuko hanakozwe n’ico abatari bake bita Memes, aho bibajije ico umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yariko abwira uwo mwana, aho ngo yoba yariko amubaza uwamucafye mu mutwe.

Uwo mwana ntiyabashije kumenyekana amazina yiwe, ariko akaba ashobora kuba ari umwe mu barundi baba muri Leta ya Washington DC kuko ariyo State Umukuru w’igihugu yagiyemwo mu nama yahuza ibihugu vya Afrika hamwe n’ico gihugu c’igihangange.

Tubibutsa ko Umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye atagiye wenyene, kuko yaherekejwe n’abagwizatunga batandukanye bo mu mice itandukanye y’igihugu, barimwo uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball Apôtre Jean Paul Manirakiza, Sultan amenyerewe mu gutegura ibiteramo, co kimwe na Peris Saxe Gateka asanzwe arongoye Humuriza Tv, na GASAPE Sn urubuga hwaniro rwa mbere mu Burundi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764