abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Amidou Hassan ntakibarizwa muri Athletico New Oil Academy

 

Umumenyereza w’abanyegori Amidou Hassan ntakibarizwa mu mugwi Athletico New Oil Acedemy wa hariya i Muyinga .

 

Ivyo bikaba vyabonekeye mu majambo yanditswe ku rubuga ngurukana bumenyi rw’uwo munyegiri aho yashoboye  kwandikira uburongozi bw’umugwi hamwe na Staff.

Amidou akaba yanditse ati’’ Ndashimiye cane uburongozi, staff technique , abakinyi, abafana bose muri rusangi kubihe vyiza twamaranye. Ndabipfurije amagara meza, kuroranirwa no gutera imbere”.

Amidou Hassan akaba ari umwe mu bamenyereza b’abanyegori bafise uburambe, akaba yari amaze ikiringo c’umwaka ari umumenyereza w’abanyegori b’umugwi wa Athletico New Oil Academy .

-Amateka yiwe ni ayahe?

Mu mwaka wa 2015 gushika umwaka wa 2020 yamenyereza abanyegori ba Vital’o Fc afasha Rakaza Mac Arthur gutorwa nk’umunyegori mwiza .

Nahimana Jonathan nawe nyene yatowe nk’umunyegori mwiza incuro 3, umugwi Vital’o Fc waciye utwara Primus League , igikombe c’Umukuru w’igihugu , igikombe c’ubumwe, hamwe na Super Cup .

Mu mwaka wa 2020 gushika umwaka wa 2021 yari mu mugwi Flambeau du Centre w’i Gitega.

– Umugwi Flambeau du Centre wabaye uwa kabiri muri Primus League , uba wa kabiri mu gikombe c’Umukuru w’igihugu, uba uwa kabiri mu gikombe ca Nkurunziza Cup, wongera utwara igikombe c’Ubumwe .

– Mu mwaka wa 2021 gushika umwaka wa 2022 yari muri Athletico New Oil Academy :

– Umugwi Athletico New Oil Academy wabaye uwa kabiri muri Primus League , nayo umunyegori wawo atorwa nk’umunyegori yavyitwayemwo neza kurusha abandi .

 

Mwomenya ko Amidou Hassan asanzwe ari umumenyereza  w’abanyegori b’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba z’abakinyi bakina hano iwacu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321