homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Aimé Nzohabonayo yavuze icatumye barusha Messager Ngozi

Umumenyereza wa Inter Star afise icizere co gutwara igikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Inyuma y’aho umugwi Inter Star wari uhejeje kunyagira Messager Ngozi ibitsindo 4 kuri 2, umumenyereza wa Inter Star yaravuze icatumye barusha umugwi Messager Ngozi.

Mu kiyago gito yariko ayaga n’abamenyeshamakuru b’iradiyo y’igihugu uyo mumenyereza yavuze y’uko ico barushije Messager Ngozi ari ishaka rirenze mbere akaba yiteguriye gutwara ibikombe vyose.

Aimé ati : “Ni umunezero kuri twebwe duhejeje gukora akazi gakomeye cane abakinyi banje bahejeje kwerekana y’uko bari banyotewe intsinzi ikintu twoba twarushije Messager Ngozi in ishaka rirenze abakinyi banje bari bafise”.

Yarabandanije ati :” Twe turitegura kuri buri rukino, igikombe c’umukuru w’igihugu turagikeneye kandi turagikwiriye naho turi mu cicaro cakabiri dushaka no kuduza umugwi mu cicaro ca mbere “.

Inter Star akaba ari umugwi ufise akahise gakomeye mu mupira w’amaguru w’Uburundi waratwaye ibikombe bitari bike ariko munyuma uyo mugwi wahavuye uronka ikibazo vy’uburyo vya buri gihe gushika aho ubona gukoroka mu cicaro cakabiri.

Muri kino gihe ukaba wararonse umurongozi mushasha asanzwe aba mu gihugu ca America , akaba yaraguze abakinyi bakomakomeye bakinye mu cicaro ca mbere mbere bigeze no gukina mu mugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba kugira arabe y’uko boduza uyo mugwi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871