Umukinyi w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza ashobora gusinya muri Simba Sc umwanya n’umwanya .
Ayo makuru tukaba tuyakesha umwe mu bantu begereye cane umugwi Geita Gold asanzwe akinamwo mu gihugu ca Tanzania.
Nayo ngo ikintu gisigaye gusa ngo ni uko umugwi Simba Sc ukurikiza ivyo Geita Gold isaba kugira itange uwo mukinyi .
Mwomenyako Saidi Ntibazonkiza ari umwe mu bakinyi ngenderwako b’umugwi Geita Gold .