BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Esther Nish ngo narondererwe Umu Styliste

Uburyo umuririmvyikazi Esther Nish yambara ngo vyari bikwiye guhinduka, ivyo n’ibishikirizwa na Nelly Nat azwi cane ku kazi ka Queen of Buzz.

Uwo mwigeme azwiko ukutumvikana n’abaririmvyi batari bake, avuga ko umuririmvyikazi Esther Nish ngo muri ino misi yambara imyambaro itamubereye nk’umuririvyikazi.

Muvyo twabashije kubona yashikirije, asaba Management yiwe ko yoraba ikabikorerako kugira uwo muririmvyikazi abashe kurondererwa umuntu amwambika azwi nk’umu Styliste mu kinyamazuru.

Nelly avuga ko uburyo uwo muririmvyikazi agize igihe yambara, ngo abatamuzi bomwitiranya na ba bigeme bagendana n’abandi bigeme bakunze kwita aba Lesbiennes.

Nelly Nat, akaba mu majambo yanditse ku rubuga rwa Instagram yavuze ko umuririmvyi yarakwiye kugira Look Nziza. Aho akaba yavuze ko uburyo umuntu yambaye, uburyo asa mu mutwe, uko amota, uburyo atwenga, ngo ni bimwe umuririmvyi yarakwiye kugira bimutandukanya n’abandi.

Nelly akaba yashigikiwe n’uwabashije kugira ico ashikiriza kuri iyo Post, ariko Kandi no ku rubuga rwa Whatsapp naho nyene bakaba bataretse kumushigikira aho bamusaba kudahora ahubwo kubandanya avuga.

Nelly muvyo Kandi yashikirije yavuze ko naho abaririmvyi batamwerekwa, ngo Hariho abatari bake ariko arafasha, kugira abafana ntibabaveko.

Naho uwo mwigeme yavuze ivyo, nticabujije ko ku rubuga rwa Instagram rwa Esther Nish hashirwako irindi shusho naryo nyene yavuze ko ritabereye uwo muririmvyikazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775