BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Collabo ya Kivumbi King na Kirikou Akili iramose

Indirimbo nshasha ya Kivumbi King na Kirikou Akili ngo iramota cane, ivyo n’ivyerekanywe n’abo baririmvyi uko ari 2 ku mbuga zabo za Instagram.

 

Hakoreshejwe amashusho 2, abo baririmvyi babonetse bari kuri Kigali Convertion Center, imwe mu nyubako zigitangaza muri ico gihugu kibanyi c’Urwanda, noneho ayo mashusho aherekezeshwa n’aka Emoji ko gufuka umunwa.

Ababashije kugira ico bashikiriza kuri iryo shusho bakaba bose bahurije ku kintu kimwe ko hari igikorwa gishasha kiriko kirategurwa hagati ya Kivumbi na Kirikou.

Kivumbi ntiyatebeje kumenera inda ku rukumu, aho yishuye umumenyeshakuru Lucky Nzeyimana ko umwanya usigaye uharurwa ku ntoke ngo igikorwa Cabo gishirwe ahabona.

Ntitwabashije kumenya ko ari amasanamu yakozwe imbere yuko Double Jay na Kirikou bava I kigali, canke nimba yahavuye asubiranayo na Kivumbi mu gacerere kugira bakore amasanamu y’iyo ndirimbo tutaranabwirwa amazina yayo.

Kirikou mu kiganiro aheruka guha mugenzi wacu Juste Gael arikumwe na Double Jay mugenziwe, akaba yamenyesheje ko bafise ibikorwa bitari bike bakoreye I Kigali, ko bimwe murivyo bikibitswe.

Uwo muririmvyi akaba atavuze nimba ivyo bikorwa bavuze ari ivyabo canke ari ivyo bafashije abandi baririmvyi.

Hampande y'”inzoga n’ibebi” yari yabajanye, Double Jay akaba yabonetse mu ndirimbo yakoranye na Papa Cyangwe, Indirimbo yiswe Yale Yale imaze kurabwa incuro zirenga 118,000 mu misi 8 gusa bayishize ahabona.

Izindi ndirimbo zishobora kuba ziri mu marembera, kuko abo basore bari mu baririmvyi b’abarundi bemewe cane I Kigali, ubona ko n’igiteramo baheruka gukorera I Kigali cari categuwe na 1:55AM Entertainment citabiriwe bikomeye, uravye ko ryari irya mbere bakoreye igiteramo muri ico gisagara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775