BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abarundi ngo bishakira umuziki mwiza gusa

Ibiheruka gushikwako na Cristal Event ya Dj Paulin mu giteramo kirangiza umwaka Citwa Party People, ngo n’ikimenyetso ko ibiriko bishikirizwa na bamwe bamwe mu barabira hafi umuziki w’Uburundi ari ivyiyumviro vyabo atari ivyiyumviro vy’abarundi.

Ivyo biheruka gushikirizwa na Yann Santana umwe mu bamenyeshamakuru ba kera muri iki gisata c’abanyabuhinga hano iwacu.

Mu butumwa yashize kuri urwo rubuga akaba yavuze ko aravye uko ico giteramo citabiriwe ku bwinshi uwo musi, ngo vyerekana ko ibigize igihe biriko bishikirizwa n’aba na bariya ko batagikeneye abaririmvyi b’abanyamahanga, abanyarwanda, hano iwacu, abarundi batabishigikiye.

Abarundi ngo berekanye ko bo ico bakeneye ari abaririmvyi beza n’umuziki mwiza, ibisigaye ngo ntibibaraba. Kuri Yann Santana ngo urwo rugamba rwo kwirukana abanyamahanga kuri bamwe rwatanguriye iwabo Kandi ruzoherera iwabo.

Espoir B5 asanzwe akorera insamirizi y’igihugu, nawe ari mu bicocoro muri uno mwuga, akaba yashikirije ko abaterekwa Dj Paulin, abamutuka, abamugirira Ishari, ngo rizoniga bonyene wewe azoguka atera aja imbere.

Kubwa Espoir ngo Cristal event muri kano karere ihagaze neza, naho kitabujije ko hari ayandi ma agence evenementiel ahari Kandi akora neza, ariko ngo Cristal Event yo ihagaze neza cane.

Ico gikorwa ca Party People kikaba cabonye abaririmvyi batandukanye babashije gushika muri ico Kibanza, aho ni nka Alvin Smith, Drama T, Juno Kizigenza na Davis D bari abatumire b’iteka muri Ico Kibanza, ariko hakaba harabonetse kuri Stage umuririmvyi Big Fizzo aho yaririmbanye na Davis D Indirimbo yabo baheruka gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775