BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Nirna yasubiye kuboneka kwa Alvin Smith

Ku rubuga rwa Alvin Smith hasubiye kandi kuboneka ishusho ry’umugore wiwe, inyuma yaho afutiye izitari nke zaba izo barikumwe co kimwe n’izo ari wenyene.

 

Iryo shusho ryavugishije benshi, ryaherekejwe n’amajambo akomeye yabwiye uwo mutambukanyi wiwe abarizwa muri Canada.

Uwo muririmvyi yanditse mu rurimi rw’igifaransa, agira ati :” iyo abantu babiri bakundana nkuko dukundana, Imitima y’ama mu misi mikuru. Iyo abantu 2 bubahana n’ibishobisho nkivyo, ubuzima buba buryoshe. Mugore wanje nkunda, reka twigumire uko turi. Umugabo n’umugore tugume mu munezero. Uri ico nipfuza gusumba. Nirna Ndagukunda cane mugore wanje.”

 

Ayo majambo ntiyabashije kugenda amazinayongo, kuko abatari bake uhereye kuri Nirna umugore wiwe yagize ico ashikiriza kuri iyo Post, aho yashizeko utu Emoji tw’imitima.

 

Abandi barimwo ibihangange hano iwacu nka Mow Kanzie, Hosy Irakoze, Tugumadori, Ka Kelly, Yassin n’abandi bakaba bataretse kugira ico bashikiriza kuri ubwo butumwa bw’uwo muririmvyi yashikirije umutambukanyi wiwe.

“Batu yangu” Niko kajambo kashikirijwe na Mow Kanzie, Tugumadori asanzwe arabira hafi inyungu za Alvin Smith akaba yanditse ngo ” Urukundo ni Rwiza kweri. Meilleur Voeux M. & Mme la Vache”.

Hosy Irakoze nawe ati ” Murambane maze kugeza mu busaza.”, Ka Kelly nawe ngo ” Rhoooo biratesa muze Murambane beza banje”.

Yassin akundisha abantu ivya Fizzo nawe yagize ati:” Ndabatuye Song yitwa Ndabizi igitero ca mbere”

Mu babashije kugira ico bashikiriza, hari uwahamagaye wa munyarusaku wacu Nelly Nat amubwira ngo asimbire muri ubwo butumwa abanze aburabe. Akaba yamuhamagaye kuko yaheruka gushikiriza ko abo uko ari 2 bamaze gutandukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775