EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Abel Nduwayo ifoto yashizeko itumye aronka ubutumwa bumutangaje

Abel Nduwayo umukinyi wa Film mu Burundi aheruka kuduha film yo kurwego rwo hejuru, yise “East Afrika Love” yakoranye n’abarundi n’abanyarwanda inakorerwa muri ivyo biguhu vyompi, iyo film ikaba ikunzwe cane Ku mbuga ngurukanabumenyi.

 

Abel aheruka gushirako ifoto yipfuriza umwaka mushasha 2023 infura yiwe, n’ umwigeme mugikuriro ubona umengo boba bangana na Se.

ABEL wenyene abicishije k’urubuga rwiwe rwa Facebook yanditse ko atangajwe n’ubutumwa ariko ararungikirwa buvuga ugutandukanye, bamwe ngo si umukobwa wiwe, abandi bakanwagiriza ngo n’umuhabara wiwe hariho n’abamusavye ngo babe baramuha INKWANO.

Vyarangiye yishuye abashaka kumukwera ko bobabangira azomubaha kuko nawe yaratwaye uwabandi, ariko ngo aracari muto nibarindire kuko hasigaye amezi 2 kugira akwize imyaka 14.

Tubibutse ko mu Burundi umukobwa arekuriwe kurongorwa ari uko afise imyaka 18

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793