BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo yigumanira n’abangana abo yavyaye

Ukwigumanira n’abangana n’abo yavyaye, n’ukwitabira ubutambiro bihagije ngo biri mu bituma Big Fizzo aguma ari ku mwanya gusumba abubu bibera muma Showbuzz gusa.

 

BIG Fizzo na Sat-b ngo nibo baririmvyi 2 ba kera bahagaze neza, kubera imikenyuro imwe imwe abantu badaha agaciro Kandi ari ngirakamaro, ivyo biheruka gushikirizwa n’umwe mu bamenyeshamakuru.

Muri Story yashize ahabona Umumenyeshakuru Juddie Gael, yavuze ko Big Fizzo ukwibera mu butambiro cane, akagumana imigenderanire myiza n’abakiri bato ngo biri mu bimutera kuguma akunzwe cane hano iwacu.

Muri ubwo butumwa nyene Juddie yavuze ko uwo muririmvyi atana rimwe ushobora kumubona n’abahumure bamurusha imyaka, we yigumanira n’abangana n’abo yavyaye.

Uwo muririmvyi ngo nico gituma aguma arusha ama Success abo baririmvyi bakiri bato bavuga ngo bifite amaraso ashushe.

Uwo mumenyeshamakuru Kandi akaba yashikirije muri iyo story ko uwo muririmvyi asanzwe yihindura nk’uruvo, kuko ukuba muri ubwo butambiro bita boite de Nuit mu kinyamazuru, ngo bituma yumva imidiho igezweho, noneho nawe agaca ayikorerako, igica gituma aguma ari ku mwanya.

Mu gihe uwo muririmvyi aba ariko arakora Kandi bigashimwa n’abatari bake, abandi baririmvyi nkuko bishikirizwa na Juddie ngo ba bibereye muma Showbuzz.

Juddie Caelle akaba avuga ko za nduru zigize igihe zivugwa n’aba na bariya ko i Burundi ata baririmvyi bashasha baboneka, ngo haguma abaririmvyi n’abandi nyene, ngo bizohaguma mu gihe abaririmvyi bashasha batazi kujana n’ibigezweho.

Ibi Juddie abishikirije mu gihe uwo muririmvyi amaze akatari gake kubazwa igituma aguma akundwa cane gusumba abandi baririmvyi, akaba atareka kwishura ko ari ukubera akazi akora. Big Fizzo akaba avuga ko we buri gihe akenera kuguma amenya iyo umuziki ugeze.

Ikindi gikunze kuvugwa kuri uyo muririmvyi, nuko atazi kuja kwinyegeza iyo ariko aranywa utuyoga, ahubwo kenshi ngo umusanga yiyicariye kwi Barabara ariko arasangira n’abantu biwe, eka ngo n’uwurenganye ntareka kumusubiza aramutse amuramukije.

Ivyo bikaba bishira Big Fizzo mu bibanza vy’imbere mu baririmvyi b’abarundi bakundwa cane, Kandi bicisha bugufi imbere y’abafana biwe mbere n’abandi bose.

Mu kiganiro aheruka guha mugenzi wacu Landry Promoter akaba yabajijwe igituma yahagaritse Hip-hop, akaba yavuze ko atahagaritse, ahubwo abandanya gukora neza ivyo bikorwa ahubwo atakirabisha umuziki wiwe muri uwo mudiho gusa.

Big Fizzo akaba Kandi anakunze kwagirizwa kuguma muma boite de nuit gusumba abandi baririmvyi, aho bavuze ko bidakwiriye ku baririmvyi bari ku rugezo nk’urwiwe, ngo yarakwiye kugira Show buzz nkuko bakunze kuvyita.

Ku kibazo c’indirimbo zisohoka, uwo muririmvyi avuga ko ugusohora Indirimbo ku bwinshi, canke uko zibonetse atariwo mukenyuro wa Bantu Bwoy, eka ngo n’amashusho ku mbuga hwaniro asanzwe akoresha ngo ntibipfa gusohoka, kuko we abisohora afise Impamvu.

Big Fizzo Kandi akaba yadahengeshanya kuvuga ko abo baririmvyi bashasha bakwiye kumenya uburyo bitwara, kuko ugusohora indirimbo 1 canke 2 zikaba Hit ngo atarico gica gishira uwo muririmvyi mu Kibanza gikomeye, ahubwo ngo niho akazi nyezina Kaba kagitangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775