abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ihiganwa ryo mu bufaransa rigiye kuza rirabwa na benshi kubera Youssuf Ndayishimiye

 

Umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa OGC Nice ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubufaransa .

Youssuf akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’imyaka 4, akaba yaguzwe imiriyoni 11 z’amafaranga yama Euro .

Uwo mukinyi yaraye ahawe inimero 55 ari nayo yahora yambara mu murwi wa Instanbul Basaksehir wo mu gihugu ca Turquie .

Igurwa rya Ndayishimiye Youssuf Nyange muri Nice rigiye gutuma abarundi batangura gukurikirana inkino zo mu bufaransa cane cane izuwo murwi .

Mwomenyako Youssuf Yagurishijwe n’umurwi Aigle Noir Cs umutanze ku bihumbi vyama Euro (40,000€) .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851