BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Meili na Esther Nish ngo nibo bokorana na Rihanna na Beyonce

Dj Jackson bari bamwikoreye abamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Igituma n’uko yaravuze ko afise indoto zo kubona umuririmvyikazi w’umurundi akorana igikorwa n’abaririmvyi bakomakomeye b’abanyamerika nka Rihanna, Beyonce, Mariay Care, Houston.

Abaririmvyi 2 b’abarundikazi bakaba aribo bashikirijwe ko babishoboye, abo nabo Ni Meili na Esther Nish.

Ariko naho nyene ababishikirije bakaba bavuze ko kugira bikunde babishikeko, ngo ari uko abo baririmvyi bokwitwara neza.

Naho habonetse uwuvuga ko bishoboka abandi bo bamutwenze. Abarimwo Kaya Free abarizwa muri Canada, yashizeko ama Emoji yo gutwenga.

Umuririmvyi Afisa nawe yavuze ko abo bidakunda ko baririmbana nabo baririmvyikazi ba hano iwacu, ahubwo ngo iyo ndoto arabe ayihindukize avuge ko bazoririmbana n’umunyamerika gusa.

Uwundi yabonetse yavuze ko ngo abaririmvyi bajana n’ibigezweho, ngo nubwo hoboneka uwuririmbana nabo ngo kumenyekana vyogorana. Akaba yatanze akarorero ka Diamond Platnumz yagerageje gukorana Rick Ross ngo aca aba International ariko bimuta ku w’amazi.

Muri abo Bose babashije kugira ico bashikiriza kuri izo ndoto za Dj Jackson, umwe wenyene niwe yabashije kw’ishurwa n’uwo mugabo.

Uwo nawe s’uyundi n’uwavuze ko bishoboka ko Meili na Esther Nish baririmbana n’abo baririmvyi yashikirije.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe aheruka gutanguza ku mugaragaro urugamba rwo kugwanya Piratage y’umuziki w’abarundi, ahubwo abaririmvyi b’abarundi bakaronka amafaranga avuye mu Muziki baba bakoze.

Uwo mugambi ukaba uriko ukorwa na Digita Distribution, ifasha abaririmvyi mu gushira ivyo bikorwa vyabo ku mbuga ngurukanabumenyi zigurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775