Umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf batazira Nyange yaraye akinye urukino rwose muri OGC Nice yo mu bufaransa yongera aranavyitwaramwo neza kurusha abandi .
Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2023 , aho umurwi wa Lens wari wakiriye umurwi wa OGc Nice mu rukino rw’indwi igira 21 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Ligue 1 Uber Eats. Urwo rukino rwarangiye OGC Nice itsinze Lens igitsindo 1-0 .
Youssuf Ndayishimiye yakinishijwe inyuma , akaba yakinye urukino rwose ndetse anavyitwaramwo neza kurusha abandi kuko yahawe amanota 6/10 n’ikinyamakuru co mu bufaransa Maxifoot.
Mu minota 92 Ndayishimiye Youssuf Nyange yakinye yatanze amapasi 32 ashika ndetse aranarangiza urukino ata kosa narimwe akoze .
Mwomenya ko uwo murwi wa Lens warondeye cane Youssuf kugira awukinire ariko birangira uwo mukinyi ahisemwo gukinira OGC Nice .