Entertainmenthomepagekirundi

Kirikou ngo yoba ari umwana w’inzoka hamwe iyi ndirimbo atoba ayikunda

Kirikou Akili acishije ku mbuga ngurukana bumenyi yanditse amajambo akeza indirimbo ya Ado Josan.

“Bararindiriye” n’indirimbo ya Ado Josan imaze imisi itari mike isohotse hafi ukwezi kurenga ariko uno musi igenekerezo 7 Ruhuhuma 2023 niho Kirikou vyanse ko yihangana avuga ikiri ku mutima, yanditse agira ati:”Ndamutse ntabasangije iyi ndirimbo ngo ndababwire KO ndayikunda noba ntanezezwa n’iciza c’uwundi noba nd’umwana w’inzoka iyi ndirimbo iraryoshe ndayikunda.”

Ikibazo duca twibaza kiraha, mbega iyi ndirimbo niho akiyumva n’igihe imaze yarasohotse? canke yoba yariyungamanije biranka acashima guserura akari ku mutima ?

Musomyi mwiza nawe uramaze kwumva iyo ndirimbo “Bararindiriye” ya Ado Josan? Wewe uyivugakwiki? muremeranya na Kirikou yuko iyi ndirimbo iryoshe?

Twibukanye yuko Ado Josan ari umuririmvyi w’umurundi ariko asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu mahanga ariko ntikibuza yuko indirimbo ziwe zifatisha mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769