abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Intamba mu rugamba zigiye gukina urukino rwa kivandimwe na Kenya

Uburundi bugiye gukina inkino zibiri za kivandimwe n’umurwi nserukira gihugu wa Kenya Harambe Stars .

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2023 aho Umumenyereza Mushasha w’Intamba mu rugamba hamwe n’icegera c’umunyamabanga mukuru muri FFB bari baramutse bitabiriye ubutumire bw’abamenyeshamakuru  b’iradio  ya Iteka FM mu ntumbero yo kubasigurira imigambi mishasha ya 2023 .

Mw’ijambo ryaraye rishikirijwe na Avellin Basegeta yaraye amenyesheje ko umurwi nserukira gihugu wa Kenya Harambee Stars wasavye umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba inkino 2 za kivandimwe mu kwezi kwa 3.

Mwomenya ko urwo ruzoba ari urukino rwa mbere rumenyerejwe na Etienne Ndayiragije .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321