footballintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Abakinyi ba Vital’o Fc baraye batakaje agashirukabute bari bemerewe

Umurwi Vital’o Fc waraye utakaje urukino rw’indwi ya 20 utsinzwe n’umurwi Bumamuru FC .

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 , isaha icenda z’umuhingamo 15h00 mu Cibitoke ku kibuga Urunani aho umurwi Bumamuru Fc wari wakiriye umurwi Vital’o Fc mu rukino rw’indwi igira 20 ya Primus League . Urwo rukino rwarangiye Bumamuru Fc inyagiye Vital’o Fc ibitsindo 4-1.

Amakuru Indundi Sports yaronse ava kuri umwe mu barongozi b’umurwi Vital’o Fc , avuga ko buri mukinyi w’ umurwi Vital’o Fc yari yemerewe amafaranga ibihumbi amajana atatu ( 300,000fb ) iyo bari kuramuka batsinze umurwi wa Bumamuru Fc .

Mu kibuka ko umurwi Bumamuru Fc mu rukino rwo gutangura wari washoboye gutsinda umurwi Vital’o Fc ibitsindo 5-1 .

 

Mwomenya ko Bumamuru Fc yagumye mu kibanza ca mbere n’amanota 44 , mugihe Vital’o Fc yagumye mu kibanza ca 3 n’amanota 40.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669