Mb Data abamukurikirana muri kino gihe urabona neza ko umengo yahoze gose ivyo nivyo vyatumye Indundi Magazine tumurondera kugira tumenye iryagona.
Indundi mag: “Bite Mb Data umeze neza
Mb Data:* Ndaho ndashima.”
Indundi: Ko umengo wahoze cane ntabishasha
Mb Data: “Bishasha ni vyinshi caneee mubandanye gusa murindira vuba ndabasukamwo ibintu”
Indundi : “Muvuze vuba uba uvuze ryari?
Mb Data: “Nta n’indwi isigaye kandi umwanya nazifatiye ndizera ntakekeranya ko muzoryoherwa peee kandi ubu sinzosubira kubatevya kuko indirimbo ziruzuye”
Indundi: “Rekatugushimire”
Mb Data: “Murakoze caneee”
Budakeye kabiri twaciye tubona cover yasohoye indirimbo ikazoba yitwa Nkirigita nubwo ataratubwira neza umusi twizere KO agiye kuyisohora vuba
Nigiki ukundira Mb Data?