Entertainmenthomepagekirundi

Mr champagne Kubatari bazi igituma Kajala azoza mu Burundi arabibasiguriye

Hatabaye impamvu itava ku mwana w’umuntu umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzania Kajala kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2023 azoba ari mu gihugu c’Uburundi. Bimwe rero vyayobeye abatari bake n’ ikizoba kimuzanye, Mr Champagne akaba yabisiguye.

 

Nkuko twagiye turabimenyeshwa na Mr Champagne ko urukundo akanda Kajala rwarenze, inyuma yaho twaciye tubona Citizen Corner mr Champagne abereye umuserukizi wabo baciye bamutumako none n’igiki aje gukora?

Benshi vyarabayobeye bati mbega aje kubera urukundo akunda Champagne? Urubanza rumwe rurashobora kumara zibiri ariko ivyo Mr champagne yasiguye yavuze ko aje gusangira n’abakenyezi b’abarundi narirya azoba ari umusi wabahariwe.
Hakazoba ari kuri Safari Gate ngo kakazoba ari n’akaryo keza ko kwifotozanya na Kajala umukenyezi wese azoba yashitse muri ico kibanza akaba ahawe ikaze.

Amafaranga asabwa akaba ari ayo kuzofungura no kunywa ukazoba ari umusi mukuru wogusangira gusa ( woman’s Day party) Hosted Kajala

Uwukeneye kuzojayo arondera Mr champagne ku mbuga ngurukanabumenyi zose akoresha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769