Umurwi wa Remesha BBC waraye utangaje abakunzi ba basketball utahukanye igikombe ca Nani Mkali 2023 utsinze Urunani ku manota 67 kuri 55 .
Uwo murwi ukaba waciye uba umurwi ugira kabiri utwaye igikombe ca Nani Mkali , inyuma ya Dynamo yagitwaye mu mwaka uheze .
ku ruhande rw’abigeme naho umurwi Young Sisters niwo waraye utwaye igikombe utsinze Les Gazelles ku manota 73 kuri 67 .
Mwomenya ko umukinyi Guibert Nijimbere w’Urunani yagaragaye mu rukino rwahuje Urunani na Remesha ariko ataco yafashije umurwi wiwe .