Entertainmenthomepagekirundi

Boba bikanze ko Mow Kanzie akina ya Mashusho y’urukozasoni?

Kuri za Instagram na Snapchat, abagabo bamwe bamwe bikanze ko wa mukobwa wacu Mow Kanzie yoba akina za reresi z’urukozasoni, kuko ivyo bamurungikira n’ibanga gusa.

Mow Kanzie ngo ntiyorohewe ku mbuga nka Snapchat canke Instagram, kuko abagabo bamurungikira ibintu biteye isoni nkuko yavyerekanye.

 

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Snapchat, uwo mwigeme agize imisi avugwa cane, yavuze ko abagabo bakwiye kuba Hange, kuko ngo urubuga rwiwe s’ikirimbiro ry’ibiteye isoni vyose.
Uwo muririmvyikazi akaba Kandi n’umukinyi akunzwe w’amareresi, yihanije abagabo bamukurikirana ko atari Kuri urwo rubuga kugira arondere abagabo, canke yidandaze.
Ibishirwa Kuri izo mbuga bidakunze kubonwa kumwe n’abatari bake, ngo ni bimwe mu kazi asanzwe akora k’ubu Influenceuse.
Abo bagabo yihanangirije, Monna Walda yavuze ko bamwe muribo bamurungikira ibihimba vy’irondoka vyabo, abandi n’abo baba bashaka kuvuga amajambo atari meza muri commentaire z’ivyo ashira Kuri izo mbuga.
Abo bantu bafise izo ngeso, uwo mwigeme yababwiye ko ingingo yabafatiye Ari ukuza araba Bloqua Kuri izo mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.
Monna Walda akaba abishikirije mu gihe yaheruka kuvuga ku bucuti bwiwe na Drama t bwaheruka kuvugwako ayatari make, bamwe bati abo bana barakunda, n’abo bati yamara ntitwankana, ariko izo nkundo mutwagiriza twe ntazo twavuze.
Mow Kanzie abishikirije Kandi mu gihe yaheruka kuvugwa Kuri ya FOTO yavuye mu ndirimbo ITamporize, iyo nayo ikaba yari yavuzweko cane kuko haciye hazanwa Kuri urwo rubuga nyene amashusho yandi yiwe igihe vyavugwa ko yakijijwe.
Ubu rero urubanza rwa Monna Walda n’abamurondera ntabasubize ama message rukaba rushobora gusubira I toto, noneho ukwishurwa kikaba ikibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769