Entertainmenthomepagekirundi

Ishari ryoba ariryo ryatumye bagumizamwo akunyu mu kibazo ca Drama T n’aba Diaspora

Abagize imisi bashira akunyu muri ca Kibazo ca Drama T n’aba Diaspora, ngo ryoba ari ishari ribibatuma, kuko aronse akaryo ko kuja i Buraya, ariko bo iyo bari batariko baronka ibiteramo.

Visa ku baririmvyi b’abarundi n’ikibazo abatari bake bagize igihe bumva, ariko vy’ukuri abatari bake badatahura igituma gihari, n’uburyo bogitorera umuti.
Umugwizatunga akaba n’umu Dj, ariwe Bizimana Paulin mu kiganiro aheruka gutanga, yagarutse Kuri ico kibazo, aho yavuze ivyo baheruka kubwirwa muri Ambassade baheruka kuja gusabamwo VISA.
Uwo mugabo yabanje kubeshuza ko ata muntu ashobora kugusabira VISA, ahubwo yavuze ko ivyo basaba muri ubwo buserukizi bw’ico gihugu, ngo iyo mwabikwije nta nkeka urayihabwa.
DJ Paulin muri ico kiganiro yahaye Juste Gael, yavuze ko igituma uno musi bitoroshe kugira umuririmvyi ahabwe VISA yo kuja I Buraya, ngo n’abakiri bato bagiye muri ivyo bihugu mu myaka iri yagati ya 2015 na 2020, kuko baciye bagumayo banka gusubira inyuma.
Abo ngo nibo nkwezi y’amarere batumye ivyo bihugu bikaza mu bikorwa bijanye n’ugutanga ama VISA ku barundi.
Uwo mutware wa Cristal yavuze ko bizosaba igihe kugira abarundi basubire Kandi bizerwe, ngo bahabwe ama VISA.
DJ Paulin Kandi muri Commentaire aheruka kugira ku rubuga rwa Instagram rwa Platform show aho yariko yishura ku bijanye na Drama T yariko avugwa ko yakoze amarorerwa mu kuvuga ubuzima bamwe bamwe babamwo, I Buraya, yavuze ko abariko batera induru, ngo ari bamwe mu barundi bagiye i buraya ata mpapuro abandi n’abo ngo ari abaririmvyi badaheruka gusohora igikorwa na kimwe.
Aha mukamenya ko abari bagize imisi batoroheye uwo muririmvyi barimwo abaririmvyi b’abarundi babarizwa Ku mugabane wa Buraya, barimwo Big Fizzo, Kebby Boy, DJ Pro, umu Dj w’umurundi abarizwa mu budage ariwe Dj Mario.
Umwe muri abo akaba yaheruka gushira ahabona urutonde rw’abaririmvyi b’abarundi bari i Buraya, ngo vyokworoha ko bakora ibiteramo kuri uwo mugabane, hatarinzwe harazanwa abandi baririmvyi bavuye I Burundi. Ariko muri abo bose akaba ata numwe aheruka gusohora Indirimbo ngo ikundwe nk’izo uwo muririmvyi agize imisi asohora.
Ku batavyibuka, Drama T aheruka gusohora Indirimbo ITamporize, haraheze imisi iri musi ya 30, ubu iyo ndirimbo ikaba isigaje imisi iharurwa ku ntoke ngo ikwize Views 1,000,000, nayo Madam imaze amezi ariko arababa 8, ikaba ifise views zirenga 4,200,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769