Entertainmenthomepagekirundi

Alvin Smith ngo nta bushobozi afise bwo kwama muri Kiriri Garden

Alvin Smith bwa Buzima Bwiza akunda kwerekana iyo arikumwe n’umugore i Bujumbura, ngo siwe ariha. Kuko we ngo nta bushobozi afise bwo kwama muri Kiriri Garden.

Ubuzima bwitwa ko ari Bwiza buboneka Kuri Alvin Smith iyo Umugore wiwe ari I Bujumbura ngo n’umugore aba abikoze, kuko we ntavyo yokora.
Uwo muririmvyi mu kiyago aheruka kugirana na Magic Chanel TV, yavuze ko ubuzima bwo kunywa ama Hennessy atabwo ashoboye, ngo kuko icupa rimwe ry’iyo nzoga, ringana n’amafaranga ariha inzu ukwezi kwose.
Uwo muririmvyi akaba yavuze ko ugusohora cane akunze gukora iyo arikumwe n’umugore ngo hampande y’uko ariwe ariha, ngo amusohokana kugira aryohere Umugore.
Ikindi uwo muririmvyi yashikirije nuko umugore wiwe ashobora kuba abayeho ubuzima bwo gusohokera ahantu Heza iyo asanzwe aba muri Canada, ngo ntashobora kureka kumusohokana ari i Bujumbura.
Mu misi iheze, Alvin Smith yari yanashikirije ko umugore wiwe ashitse i Bujumbura hari ibintu bitari bike bihinduka, kuko aca yimuka aho yahora aba kugira aje gufata inzu Nini Kandi nziza. Agiye agaca asubira mu kazu gasanzwe.
Aba uko ari babiri bakaba baheruka kuvugwako cane kubera ugutandukana kwavuzwe hagati yabo, ariko mu nyuma hakaza kumenyekana ko Kari akaciyemwo gusa, babitorera umuti. Abo uko ari babiri ngo nta Mugambi bari bafise wo gutandukana, kuko ata bubatse Kandi batazokwigera bagera Kuri urwo rugero rwo gutandukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769