Entertainmenthomepagekirundi

Drama T batanguye kumugirako iterabwoba

Drama t naho yasavye ikigongwe, yatanguye guterwa ubwoba ngo aramutse ahonyoje ikirenge muri Canada azoca akubitwa kubera ivyo aheruka gushikiriza ku baba muri Diaspora. Ibi bikaba bitanguye ataranahabwa na VISA yo kujayo.

 

Ibintu birakaze, Drama T abarundi bamwe baba muri Canada, ngo barahiye ko aramutse ahonyoje ikirenge muri ico gihugu, ngo n’inkoni azozikubitwa.
Naho wa muririmvyi wacu aheruka gusaba ikigongwe, bwa bundi ntivyaheze, kuko abo muri Canada nabo ngo riraniga, bakaba babaye baramugabisha ko aramutse ahonyojeyo ikirenge, azibonerako.
Abo Bantu tutabashije kumenya, ngo bakaba ari bamwe muri benshi barungitse ubutumwa bwabo baburungikira bamwe mu barabire hafi ivy’umuziki nka Simbizi wa Semavumba.
Mu kiyago yagiranye na Landry Promoter, Semavumba yavuze ko Drama t naho yasavye ikigongwe ngo atakigiriwe na bose.
Muri ubwo butumwa Semavumba yumvikanishije, uwo muntu yavuze ko Drama t agiye i Buraya, ata kibazo kuko ngo i burayi ari nko Kuri Afrika, ariko ngo Canada ntaze ahirahire.
Ivyo bishikirijwe mu gihe DJ Paulin aheruka gushikiriza ko icizere ari cose ko uwo muririmvyi hamwe na bagenziwe 2 bazoja muri Canada gukorerayo ibiteramo muci, ubu rero tukibaza nimba umutekano wabo uzoba ucunzwe neza muri ico gihugu.
Semavumba yanagarutse ku gusaba ikigongwe kwakozwe, ngo ntivyari ngombwa kuko ata kosa yakoze, ariko ngo kuva yaramaze gusaba ikigongwe, yemeye icaha, Kandi si ngombwa ngo bamugirire ikigongwe, gutyo ngo ni yemere ibiriko biramubako.
Semavumba, avuga ko ukwo gusaba ikigongwe ngo vyatumwe nuko uwo musore atagira abamuhamura, ngo bamubwire ico ategerezwa gukora, kuko ngo ivyo yavuze ntiyari kubivuga we, ahubwo vyari kuvugwa n’abavugizi biwe iyaba yarabafise.
Semavumba Kandi yanavuze ko ababivuze bose ngo ryari ishari bamufitiye, kuko bamwe bahawe ama Visa n’abagore, abandi Baja i Buraya ata mpapuro, ibi bikaba vyaranashikirijwe na DJ Paulin nawe nyene muri Commentaire ya Instagram Kuri Platform show.
Aha mukamenya ko naho bamwe bavuga ko koze ibara mu kuvuga ko aba Diaspora barya bacumukuye, abandi nabo bavuga ko ivyo yavuze ata kosa ririmwo, kuko vy’ukuri ngo ata rufaranga rwa gusa barabasha gutora muri Ivyo bihugu basuhukiyemwo.
Drama T akaba yitezwe Kuri uyu wa 27/5 I i Buruseri mu bubirigi, nayo ku musi w’Imana ukurikira akaba azoba ageze I Bordeaux mu Bufaransa aho naho bamaze kumusaba ngo azoba yakorokeyeyo mu giteramo.
Hampande y’ivyo biteramo vyo mu bubirigi, Ubufaransa na Canada ngo uwo muririmvyi nyene yamaze no gusabwa kuzoja gukorera igiteramo muri Amerika no muri Afrika y’uburengero muri za Senegal nahandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769