abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Niyonkuru Sandrine yarangije ihiganwa ryo muri Egypt ariwe afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi

Umurindikazi Niyonkuru Sandrine yanditse amateka atawundi mukinyi w’umurundikazi akina umupira w’amaguru amaze kwandika .

Sandrine  akinira umurwi  Tutankhamun Fc wo mu cicaro ca kabiri muri Egypt yarangije ihiganwa ariwe afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi mugihe yageze muri uwo murwi abandi bamaze gukina inkino 8 , ariko ivyo vyose bikaba bitamubujije kurangiza ihiganwa ariwe afata ikibanza ca mbere .

Mu nkino 14 yakinye mu murwi Tutankhamun Fc yinjije ibitsindo 19, mu gihe uwumukurikira Nora Khaled Mohammed akinira Pyramids Fc yarangije afise ibitsindo 16 mu nkino 22 yakinye.

Mwomenya ko Umurwi Tutankhamun Fc warangije ihiganwa uri mu kibanza ca 6 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri Egypt .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851