abakinyi bakina hanzeBurundikirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bwatakaje ibibanza 4 ku rutonde rwa FIFA

Igihugu ca Indonesie gitumye Igihugu c’Uburundi gitakaza ibibanza ku rutonde rwa FIFA .

Nkuko bisanzwe buri ukwezi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama risohora urutonde rw’ingene ibihugu bisubasumbana ibibanza kw’isi bivanye n’inkino biba biba vyakinye , Igihugu c’Uburundi catakaje ibibanza 4.

Impamvu igihugu c’Uburundi catakaje ivyo bibanza n’inkino zibiri za kivandimwe zahuje Intamba mu rugamba na Indonésie aho Intamba zari mu kibanza ca 141 ziza gutsindwa no kunganya na Indonésie iri mu kibanza ca 151 .

Urukino rwa mbere Uburundi bwatsinzwe ibitsindo 3 kuri 1 , urwo gusubiriza runganya na Indonésie ibitsindo 2 kuri 2.

Uburundi bwari mu kibanza ca 141 bwisanze mu kibanza ca 145.

Mwomenya ko igihugu ca Congo kiri mu kibanza ca 70 , Uganda mu kibanza ca 89 , Kenya mu kibanza xa 102 , Tanzania mu kibanza ca 130 , Urwanda mu kubanza ca 135 , Soudan du Sud mu kibanza ca 163.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 695