EntertainmentAkes DonComedieshomepageintamba murugambakirundi

Ngo bagiye gukora indirimbo ihayagiza Intamba mu Rugamba

Aho aheruka gukora indirimbo ihayagiza umurwi w’Intamba mu Rugamba yise Nani Atakatala, Mr Champagne yemeza ko icabimuteye ari urukundo akunda igihugu ciwe hamwe n’umurwi nserukiragihugu Intamba Murugamba

Ni Mr Champagne vyabonetse ko agomba gukora REMIX y’iyo ndirimbo arikumwe n’umwe mubantu bamenyekanye cane hano iwacu no mukarere ka EAC mugutwenza (Comedy) azwi kwizina rya KIGINGI

Tugerageje gutohoza neza iyo nkuru ni Mr Champagne yagize nti: “Aho narimfise idée yo gukora indirimbo ndirimbira Equipe National Intamba mu Rugamba nari nipfuza gushiramwo umuntu yokora Animation nk’umumenyeshamakuru ariko harimwo akantu ka Comedie, niho nahise ndaba uwuriko arakora cane kandi neza ndaheza mbona ko twokorana na KIGINGI”.

Mr Champagne abandanya avuga nti: “Jewe ndakunda Equipe National Ndashigikira Equipe National, ndi inyuma ya Equipe National (INTAMBA MU RUGAMBA)”

Aho Mr Champagne yabazwa kubivurwa ko aberewe n’ugukora Comedie yagize nti: ” jewe ico nkora si comedie ahubwo ntanga ubutumwa bushikira kandi bugakora kuri benshi ariko bivanye nuko ndabivuga usanga harimwo akantu gatwengeje umuntu, urumva ko igitwengeje cose atari comedie ariko umuririmvyi aba akwiye kugira ico bita Creativite kugira agume aryosha ibikorwa vyiwe no kunezera abamukurikira.

Yarangije agira ati “abakunzi b’Umuziki w’Uburundi n’abakunzi ba Mr Champagne barindire iyo ndirimbo ishobora gusohoka umwanya n’umwanya kuko iryoshe kandi ije gutera intege abakinyi b’umurwi nserukiragihugu Intamba Mu Rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 840