abakinyi bakina hanzehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports| Nahimana Sada yungutse ibibanza 22 ku rutonde rw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Tennis

Umurundikazi akina urukino rwa Tennis Nahimana Sada abandanya yunguka ibibanza ku rutonde rw’ishirahamwe mpuzamakungu rya Tennis .

Uwo mukinyi w’umurundikazi yungutse ibibanza 22 inyuma y’ihiganwa mpuzamakungu rya World Tennis Tour 25 ryari rimaze imisi ririko ribera mu Burundi .

Iryo higanwa ryari ryatanguye kuva igenekerezo rya 3 Ndamukiza gushika kurya 13 Ndamukiza 2023 .

Sada Nahimana akaba yavuze mu kibanza ca 269 kw’isi asimbira mu kibanza ca 247 .

Mwomenya ko muri rya higanwa rya World Tennis Tour 25 ryari ryabereye i Bujumbura uyo murundikazi yari yatsinzwe mu rukino rwanyuma muri Tour 1 .no muri Tour ya 2 naho nyene yatsindiwe mu gice ca kane gishira icanyuma .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 840