abakinyi bakina hanzeAthletismehomepagekirundi_SportsSports2

# Indundi Sports | Francine Niyonsaba asaba abarongoye CNO ko bokinjura vuba

Umunonotsi w’Umurundi Francine Niyonsaba ishavu riraniga .

Mw’ikete uwurongoye CNO Lydia Nsekera yandikiye amashirahamwe y’inkino mu Burundi , amenyesha ko ishirahamwe arongoye ryarungikiye umurwi uriko urategura inkino mpuzamakungu za Jeux Olympiques ( JO 2024 ) zizobera i Paris mu gihugu c’Ubufaransa, urutonde rw’abanonotsi b’abarundi 14 bashobora guserukira uburundi muri izo nkino .

Muri urwo rutonde , Francine Niyonsaba ntarimwo . Mu nsiguro Lydia Nsekera atanga avuga ko Niyonsaba ari muri wa muce w’abanonotsi b’abakobwa 13 basabwa kugabanya urugezo inkabuzo ( Testostérone) iriko gushika munsi y’urugezo rwemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwiruka ‘’. ivyo bikaba vyaciye vyerekana ko hari imiti baca bafata kugira iyo nkabuzo ibaganukemwo .

Ivyo rero vyaciye bituma Lydia Nsekera arongoye CNO ( Comite National Olympique) amenyesha ko bitokunda ko Francine Niyonsaba bamushira ku rutonde rw’abazoserukira Uburundi.

Inyuma y’iryo kete , Francine Niyonsaba yaciye asimbira ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Facebook yandika ko abarongoye CNO mu Burundi bakwiye gukinjura vuba .

Francine Niyonsaba akaba yagize ati’’ CNO ( Comité Nationale Olympique du Burundi ) abayirongoye barakwiye gukinjura vuba . Ivyo baranguye birashimishije ivyo batashitseko abandi bazobishikako .

‘’ Bakomeza kundenganya abo nserukiye bakamfasha akaba aribo banca intege mukwandika n’ibonyoma bitagira izina. ibi bihagarare muri sport y’uburundi.

‘’ Ntegerezwa kubandanya nserukira igihigu neza .

Mwomenya ko Francine Niyonsaba haciye igihe atumvikana niryo shirahamwe rya CNO mu Burundi rirongowe na Lydia Nsekera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 842