Entertainmenthomepagekirundi

Kidum ariko akorana n’ishirahamwe ryo muri Kenya mu biteramo vyiwe

Mu gihe abarundi bagisinziriye badashaka gushigikira bene wabo mu bikorwa vy’umuziki, n’abo ngo babashe kumenyekanisha ibikorwa vyabo, biciye muri ivyo biteramo baba bariko barategura, abanyamahanga bo batanguye kubaraba ryiza.

 

Nimbona Jean Pierre azwi nka Kidum, ibiteramo ariko arategurirwa ku mugabane wa Buraya, habonetse rimwe muma shirahamwe akomeye yamufashe mu mugongo.
Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Facebook rwa Kidum, ishirahamwe Certified Home ryo mu gihugu ca Kenya, ari naho asanzwe yisumamwo, ryamufashe mu minwe ngo rimushigikire muri urwo rugendo agiye kumaramwo imisi Kuri uwo mugabane w’uburayi.
Muvyo basabwa abaririmvyi muri ico gihe, n’uguheza bakaza baragaruka cane Kuri iyo Company iba yabashije kubashigikira, mu biteramo baba bariko barakora.
Kidum mu butumwa yashize Ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, akaba yashimiye iyo Certified home isanzwe idandaza amazu n’ibibanza vyo kwubakamwo mu gihugu ca Kenya, kuba bashimye kumushigikira muri ico gikorwa arimwo.
Gushika ubu Kidum akaba azozunguruka mu bihugu bitari bike ku mugabane wa Buraya, imbere Yuko agaruka muri Afrika neza neza I Bujumbura, aho afise igiteramo mu ntango z’ukwezi Kwa 7, aho azoba aramutse aza kwiginana n’abarundi umusi abarundi bibuka igihe basubizwa intahe yo kwikukira.
Tukibaza nimba abarundi baba mu bihugu canke mu bisagara Kidum azokoreramwo ibiteramo, ata numwe afise ishirahamwe ryiwe, ngo abashe kurimenyekanisha biciye muri uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769