Burundihomepagekirundi

Urubuga rwa Ambassade y’Uburundi muri Ethiopia rukaba rubaye urwa mbere

Urubuga rwa Twitter, ni urubuga rumaze igihe ruhurumbiwe mu Burundi n’abakiri bato, bo mu mice yose, baba abari mu Muziki, abaja kuhayagira, canke abamenyeshamakuru, bose bakaba bamaze kugira umuryango witwa #abatwip.

 

Ukubitiye kuri urwo rubuga, abarundi batari bake baritabiriye akamo ka Elon Musk nyene Twitter, kabahamagarira kuronderera Bleu Tick imbuga zabo za Twitter.
#abatwip rero batari bake batanguye kwijukira gusaba ico mu kinyamazuru bita Verification, kugira hamenyekane vy’ukuri ko ata wundi akoresha iryo Zina atari nyene urwo rubuga.
Iryo terambere ntiryigeze risimba Umuryango w’umukuru w’igihugu, kuko urubuga rwa Twitter rw’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’urw’umutambukanyi wiwe Angelique Ndayishimiye, twari twabamenyesheje ko ziheruka nazo kugirwako impinduka.
Muri ayo makuru twaheruka kubashikiriza nyene, twari twabamenyesheje ko naho akanyamuneza ari kose, ariko vy’ukuri hari ikibuze Kuri urwo rubuga kuko hari imbuga zitari nke z’inzego z’igihugu, zitaraba Verified kugira abantu ntibihende aho basanze amakuru.
Igishasha giheruka kuboneka Kuri urwo rubuga nuko twabonye ko urubuga rw’Ubuserukizi bw’uburundi muri Ethiopia, rwabaye Verified. Uru rukaba nimba tutihenze akaba arirwo rubuga rwa Mbere rw’ubuserukizi bw’uburundi mu makuru rubaye Verified.
Kuba uru rubuga rero rwabaye Verified, bikaba ata gitangaje kirimwo, kuko uwuserukira Uburundi muri Ethiopia no mu bumwe bwa Afrika, akaba ari Ambassador willy Nyamitwe, akaba nawe nyene afise urubuga rwa Twitter ruri Verified.
Uyu Mutware yanakoze imyaka itari mike mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba ariwe ashobora kuba yabaye umunyepolitique wa mbere mu Burundi yabaye verified ku rubuga rwa Twitter, kuko kanatsinda arukoresha akatari gake. Uru rubuga rukaba ruri Verified kuva bikigoye cane kuronka ako kamenyetso k’ubururu, kuko Katari bwatangure kurihirwa.
Hampande ya za Facebook, Instagram n’izindi, Uru rubuga akaba arirwo rubuga rukunzwe gukoreshwa n’abanyepolitique gusumba, Kandi ibi akaba atari hano iwacu gusa, ariko ni kw’isi yose.

Kuri urwo rubuga no kuri Facebook Kandi akaba ariho hantu habiri hakunze kuboneka ama Compte y’abategetsi batari bake, ariko bwaca Kabiri hagaca hasohoka amakuru ko atari izabo, n’amatangazo akandikwa, bagabisha abantu ngo ntibasubire kwibwa n’abagizi ba nabi baba bari inyuma y’izo mbuga.
Nayo akamaro ko kuba Verified nkuko twari twabishikirije mu makuru aheruka, nuko bifasha ko amakuru utanze Kuri urwo rubuga anyaruka kuko urubuga rwa Twitter ubu ruha agaciro cane abafise izo mbuga ziri Verified.
Ikindi nuko hari utundi turusho twerekanywe na Twitter, nko kuba ushobora gushirako ama Video maremare, guhindura Twitte mu gihe wihenze mu kwandika, hamwe n’utundi tutari duke.
Akandi kamaro n’uko ubasha kuronka amakuru canke gutanga amakuru agashikira abantu vyoroshe nkuko vyigeze gushikirizwa na Musitanteri wa Komune Mukaza, aho yavuze ko abenegihugu bamushikiriza amakuru y’ibiriko biraba vyoroshe Kuri urwo rubuga.
Ubu rero tukibaza, igituma abajejwe kumenyeshamakuru mu biro bitandukanye vy’inzego z’igihugu, batarabasha kuronderera utwo tumenyetso imbuga za Twitter, Facebook na Instagram, canke YouTube z’izo nzego, ubona ko zisa n’izijukiwe cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764