footballhomepageintamba murugambakirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Bumamuru Fc yatahukanye igikombe ca Primus league 2022-2023

 

Umurwi Bumamuru Fc waraye uhaye umunezero udasanzwe abakunzi bawo inyuma yo gutahukana igikombe .

Hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Rusama 2023 isaha Icenda 15h00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke , aho umurwi Bumamuru Fc wari wakiriye umurwi wa Olympic Star w’imuyinga . urwo rukino rwarangiye Bumamuru Fc inyagiye Olympic Star ibitsindo 5 vyose ku 0.

Nkurunziza Alfred Peter yinjije ibitsindo 3 Ku Giti ciwe mugihe ibindi bitsindo vyinjijwe na Munyampara Pepe hamwe na 𝐑𝐢𝐜𝐡𝐚𝐫𝐝 Kilongozi .

Ico gikombe ca Primus League kikaba caciye kiba igikombe ca mbere uwo murwi utahukanye mu mateka .

Mwomenyako Bumamuru wari umaze gutwara ibikombe 2 vy’igikombe mw’ihiganwa ryitiriwe  Umukuru w’igihugu, ariko rikaba ryari iryambere utwara ico gikombe ca Primus League .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846