abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yatowe nk’umukinyi mwiza w’umwirabure akina mu Bubirigi

 

Umukinyi w’Umurundi Ndayishimiye Mike Tresor yanditse amateka mu gihugu c’Ububirigi .

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Rusama 2023 mu gihugu c’Ububirigi niho haraye hatangwa ubushimwe butandukanye mu bakinyi bagiye bavyitwaramwo neza kurusha abandi mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ububirigi . Umukinyi w’Umurundi Ndayishimiye Mike Tresor yaciye atorwa nk’umukinyi w’umwirabure mwiza yaranze ihiganwa kurusha abandi aho yahawe ico bita Soulier d’ébène.

Uwo mukinyi yatanze imipira ivamwo ibitsindo ( Assist) 23 muri uyu mwaka , akaba ari imipira atawundi mukinyi yari bwayitange.

Mwomenyako gushika ubu Ndayishimiye Mike Tresor atarahitamwo gukinira igihugu ca Se wiwe Uburundi canke ngo akinire Urwanda aho Nyina wiwe asanzwe avuka .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851